Urukundo rwa Muhammad kuri Afrika mu mafoto

Ali

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Muhammad Ali yarashimagizwa hose muri Afrika hose, kubera ubutwari bwiwe mu gukubitana ingumu, no muguharanira agateka k'abirabure hirya no hino kw'isi.

Muhammad Ali yarashimagizwa hose muri Afrika hose, kubera ubutwari bwiwe mu gukubitana ingumu, no muguharanira agateka k'abirabure hirya no hino kw'isi. Mu gihe azoshingurwa ejo, BBC yihweze ubucuti yari afitaniye n'uwo mugabane:

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Urugendo rwiwe rwamushikanye no mu gihugu ca Nigeria, igihugu kizwi cane muri Afrika, aho isinzi ry'abantu baje kumusanganira bamuririmbira ngo " Mwami w'isi".

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Urugendo rwo muri Afrika yarugize mu mwaka utazibagirwa muri kahise ka Ali- aho yatsinze Sonny Liston acaba aba uwa mbere kw'isi, aheba "izina ry'ubucangero" rya Cassius Clay, yinjira idini rya Islam.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Urugendo yagize rwamenyekanye cane ku mugabane wa Afrika n'urwo mu 1974 i Kinshasa, umugwa mukuru w'igihugu ca Zaire(Ubu ari Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo), aho yatanye mu mitwe n'umukeba wiwe George Foreman, aca asubira kuba uwa mbere kw'isi.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Urwo rukino rwatanguye isaha 04:00 z'i Kinshasa. Amakungu, n'abarorerezi 60,000 bari ku kibuga, bariboneye ingene akubita George Foreman adakozemwo, aho yaca asubirana ikibanza ca mbere mu bafise ibiro vyinshi muri urwo rukino.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Yaragendeye Sudan mu 1988, inyuma y'imyaka ine bamaze kumutora ingwara yo wibagira ya Parkinson, aho yariko arakwiragiza ubutumwa bwa Islam nk'idini ry'amahoro. Aha yariko arasengera mu musigiti w'aba Sufi i Kharthoum.