Abapolisi 302 birukanywe muri Kenya

Kenya police
Insiguro y'isanamu,

Abapoli 302 bamaze kwirukanwa kubera kwanka kugirwako amatohoza

Abapolisi 302 birukanywe mu kazi muri Kenya kubera banse ko basuzumwa kuva umugambi wo kugwanya igitirure utanguye mu mwaka wa 2013, nk'uko bivugwa n'akanama gajejwe ico gikorwa.

Ivyo vyemejwe na Johnston Kavuludi, arongoye akanama kajejwe ibikorwa vy'igipolisi, mu gihe abapolisi bariko baritegura kugigwako amatohoza mu gisagara kiri mu burengero bwa Kenga, Kisumu.

Ayo matohoza ni umugambi wa reta kandi ugirwa imbere ya camera, aho abapolisi babazwa ivyerekeye ubutunzi bwabo hamwe n'amahera bafise.

Mu kwezi guheze, igihe ako kanama kari mu gisagara ca Momasa, umupolisi umwe wo mu gisata co kugenzura ibica mw'ibarabara, ntiyashoboye gusigura aho ibihumbi amajana atanu vyari ku= rubuga rurungika amafaranga mw'itelefone yiwe yavuye.

Abanye Kenya ku mbuga ngurukanabumenyi batangaye banavusigura ingene basabwa igiturire iyo bafatanywe amakosa bari mwibarabara.