Imyiyamamazo yo kuguma muri EU irashushe mu Bwongereza

John Major
Insiguro y'isanamu,

John Major yahoze ari umushikiranganji w'Ubwongereza

Abahoze ari abashikiranganji ba mbere mu Bwongereza bari mu myiyamamazo yo gusaba abantu kudatora kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Aho bari ubu muri Irland y'uburaruko, Sir John Major na Blair bavuze ko kwemera kuva muri iryo shirahamwe bizotera umutekano muke, bongerako ko n'igihugu ca Ecosse gishobora guca gishaka kwigenga.

Sir John yavuze ko kuva mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya rizoba ari ikosa rikomeye muri kahise k'Ubwongereza.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Tony Blair yahoze ari umushikiranganji w'Ubwongereza

Abanyepolitike biyamamariza kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, bavuga ko abo bahoze ari abategetsi babiri batavugisha ukuri.

Amatora yo kwemeza canke guhaka kuguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya azoba mu ndwi zibiri uhereye uyu musi.