Ubufaransa burugurura inkino za Euro 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubufaransa burapima inguvu na Roumania mu rukino rwa mbere rwa Euro 2016
Mu nkino za Euro zitangura uyu musi, igihugu c'Ubufaransa ni co kiza kuzugurura mu rukino ruza kubahuza na Roumanie mu mugwi A ku kibuga co mu gisagara ca Paris.
Imigwi 24 ni yo iza kwitaba iryo higanwa ku ncuro ya mbere, kuko imigwi 16 gusa ni yo yahora ija muri iryo higanwa.
Izo nkino zizobera ku bibuga 10, igihugu ca Espagne kikaba ari co caheruka kugitahukana mu 2012.