Ibitero vy'ibisasu ku kibanza c'aba Shia muri Damasiko

Sayyida Zeinab hakunze kugabw aibitero na IS Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Sayyida Zeinab ni ikibanza ceranda c'aba Islamu b'aba Shia muri Syria

Ibitero vy'ibisasu bibiri vyagabwe mu nkengera z'umuji wa Damasiko, ahari ikibanza aba Islamu b'aba Shia bakunze gushengerera.

Ikigo c'itangazamakuru ca leta kimenyesha ko kimwe mur'ivyo bisasu caturkijwe n'umwiyahuzi.

Ikindi gisasu catezwe mu modokari.

Abantu babiri baciye bahasiga ubuzima, hafi y'ikibanza ca Sayyeda Zeinab gisengeramwo aba Shia, gihora gishengererwa n'aba Shia baturuka mu mihingo itandukanye y'isi.

Ico kibanza cakunze kwizizirwa n'ibitero vy'ibisasu mbere, vyagabwe n'imirwi y'abarwanyi ba 'Islamic State'.