Umuririnvyi Christina Grimmie yarashwe

Uwarashe Christina Grimmie nawe yirashe

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Christina Grimmie yacikanye ageze ku bitaro vya Orlando

Christina Grimmie, umuririnvyikazi wo muri Amerika yari afise imyaka 22, yarasiwe Orlando muri Florida ariko arasinyira abantu bariko bamusaba umukono wiwe aho yari arangije igiteramo.

Christina Grimmie, yamenyekanye cane amaze kuja mu mahiganwa ahuza abafise ingabirano zo kuririmba mu giteramo 'The Voice' gica kuri televiziyo ABC, yacikanye ageze mu bitaro.

Igipolisi kimenyesha ko uwarashe Christina Grimmie yaciye nawe yirasa igihe yariko ahunga musaza wa Grimmie yaciye amwirukako akimara kurasa.

Ibicishije ku rubuga rwa tweeter, 'The Voice' yamenyesheje ko yavunywe umutima n'inkuru y'urupfu rwa Christina Grimmie; aho bagize bati "twabuze umuntu w'umutima mwiza n'ijwi ry'agatangaza".