Amafoto yo muri Afrika yo muri iyi ndwi: 3-9/06/ 2016
Amafoto yatoranijwe yo hirya no hino ku mugabane wa Afrika muri iyi ndwi:

Ahavuye isanamu, AFP
Amajambo kuri iyi kamyo ipakiye kugeza mu busongero asobanura ngo: "Nihaye Imana", yafashwe Bamako ku murwa mukuru wa Mali, kuwa gatandatu.
Ahavuye isanamu, AFP
Kuwa Gatandatu nyene, umugabo aragiye inka ziwe mu gihugu kibanyi zca Cote d' Ivoire
Ahavuye isanamu, Reuters
Ukwezi kweranda kwa Ramazani kwatanguye muri iyi ndwi, aho aba Islamu bifunga gufungura kuva izuba riserutse kugeza rirenze. I Cairo, El Mesaharty Hussien, 40, akoresha ingoma mu kuvyura abantu ngo bafungure mu gatondo ko kuwa mbere...
Ahavuye isanamu, Reuters
... ahandi muri Cairo, aba Islamu bahitamwo gukoresha amatara bita "fanoos Ramadan" kuwa mbere.
Ahavuye isanamu, EPA
Kuwa kabiri, umugabo ariko arengana mu musigiti muri Afrika y'epfo.
Ahavuye isanamu, AP
Abanyeshure bo muri Kenya bari mu masengesho kuwa kabiri 07/06/2016
Ahavuye isanamu, AFP
Kuwa gatanu, umufana wa Cote d' Ivoire afise itike yo kuja kuraba umupira w'amajonjora ya CAN azohuza Cote d' Ivoire na Gabon muri Bouake
Ahavuye isanamu, AFP
Abafana ba Cote d' Ivoire berekanye igipira kinini.
Ahavuye isanamu, EPA
Mu gihe i Monrovia, abajejwe gutabara umuriro bo muri Liberia birukanishije amazi abari kwugariza mu rukino rwabahuza na Togo kuw'Imana ..
Ahavuye isanamu, EPA
...umukinyi Emmanuel Adebayor, aturuka muri Togo
Ahavuye isanamu, AFP
Mu rukino rwahuje Sudani y' epfo na Mali, Attir Thomas Tom ateye umupira ukomeye cane 04/06/2016
Ahavuye isanamu, AFP
Aba banya Zimbabwe ntako batagira ngo bashigikire umurwi wabo, wahuye n' uwa Malawi kuwa 04/06/2016
Ahavuye isanamu, PA
Umwamikazi Elisabeth II , ariko aramukanya n'uwuhagarariye Ethiopia mu Bwongeerza , ambassadeur Hailemichael Aberra Afework inyuma yo gushikiriza urwandiko rumugena kuwa gatatu
Ahavuye isanamu, Reuters
Ikirato casubiye ku nkengera za Libya mu gace ka Zuwara kuwa 6, ibitigiri vy'abarondera kujabuka i Bulaya bitera vyiyongera, aho muri izi ndwi zishize abaharurw amu majana basize ubuzima mu mazi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Eric Obeng, umunya Ghana, yiga muri kaminuza muri Amerika, ariko yifotoza mu kwibuka igihangange mw'iteramakofe yitavye Imana, Muhammad Ali, kukimeneytso c' inyenyeri ciwe mu bitonze kw'ibarabara rya Hollywood Walk of Fame kuwa gatandatu...
Ahavuye isanamu, Reuters
Umukinyi wa Judo Yolande Bukasa, wo muri RD Congo, yari mu myimenyerezo igihe vyatangazw amu kiganiro c'abanyamakuru ko ari mu bazoserukira impunzi mu nkino za Olympic za Rio muri Brezil uyu mwaka
Ahavuye isanamu, AP
Umu taxi-moto, atwaye abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza umurwi ujejwe gutegura amatora muri Kenya kuwa mbere