UEFA ishobora guhana Uburusiya kubera kwigenza nabi

Abafana basharanyemwo urukino ruheze

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abafana b'Uburusiya basinvye uruzitiro rubagabura n'abo Ubwongereza

Amasanamu yerekanywe, yagaragaza abafana b'Uburusiya burira uruzitiro rubagabura n'abo Ubwongereza bakabashwaramwo.

Ababibonye bavuga akaguma katanguriye mu kibuga, igihe abafana b'Uburusiya batsa imbeya bakazitera mu bo Ubwongereza urukino rugire rurangire.

Bamwe baciye burira urwo ruzitiro rugabura abafana, ababibonye abakavuga ko abafana b' Uburusiya bateye ingumu n'imigere bakeba babo b'Ubwongereza. Uburusiya bwagirizwa guteza umudurumbanyo, inyifato ishingiye kw'ivangura, no gutera ibivamwo za mbeya ziturika bita 'feu d'artifice', nk'uko vyemezwa n'ishirahamwe UEFA.

Iryo shirahamwe ariko rivuga ko ata ngingo rirafata yerekeye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubwongereza.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Benshi mu bafana b'Ubwongereza bagerageje kwurira uruzitiro bahunga

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe inkino, Vitaly Mutko,avuga ko atahura ko Uburusiya bushobora guhabwa igihano n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Bulaya UEFA ku vyo yise kutitwara neza kw'abafana b'ico gihugu.

Ariko rero yavuze ko hari uburyo bwo kwihweza ibintu neza, ku vyabaye, kandi ko n'abategetsi b'Uburusiya ku ruhande rwabo bazokora itohoza.

Ibihano bishobora gufatwa bizotangazwa ku munsi wa kabiri.

Mu mirwi yiteze gukina uno munsi, mw'itsinda D, Turkia ihura na Croatia (14:00) naho mw'itsinda C, Pologne ihura na Irlande du Nord (17:00) , Ubudagi buhure na Ukraine (20:00).