Abantu barashwe ikivunga mu butambiro muri Orlando

Ahavuye isanamu, ORLANDO POLICE
Uwarashe mu kivunga yafashe n'bantu ingwati kandi bivugwa ko akiri mu nyubakwa imbere
Ababonye ivyabaye mu nzu yo gutambiramwo yo muji wa Orlando, ikunze kugenderwa n'abakundana n'abo basangiye igitsina, bavuga ko umuntu yarashe mu kivunga, kandi ko yatwaye abandi ingwati.
Abakomeretse bivugwa ko bagera ku 20.
Video yakwiragijwe hakoreshejwe urubuga rwa Twitter, yerekana abantu bariko baravurirwa hanze y'iyo nzu y'ubutambiro.
Ivyo vyabaye mu masaha ya kare mu bucagucagu.
Imodokari nyinhsi zijejwe gutabara zamaze kuhagera