Abarenga 50 bishwe mu muji wa Orlando muri Florida

Bamwe bari bafashwe ingwati

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Polisi yibaza ko uwishe abantu 50, agakomeretsa 53 yari wenyene

Polisi iremeza ko umuntu yitwaje inkoho zibiri zirimwo iyirekurira amasase menshi ica rimwe, yafashe abantu ingwati akanarasa ku bapolisi bari baje gutabara mu muji wa Orlando, imbere y'uko ubwiwe araswa.

Abategetsi bo muri leta ya Florida bemenyesha ko bariko batohoza kuri ubwo bwicanyi bafashe ko ari iterabwoba.

Abantu barenga 50 bakomeretse baciye bajanwa kuvuzwa mu bitaro bine vyo hafi yaho.

Igipolisi kivuga ko nyene kurasa bakeka ko yikoranye ubwo bwicanyi we nyene, yoba adaturuka aho muri Orlando.

Iyo nzu y'ubunywero n'ubutambiro yagabwemwo igitero, izwi nk'iyikunda kugenderwa cane cane n'abakundana basangiye ibitsina.

Igipolisi kivuga ko kugeza ubu ata sano kirabona ryoba riri hagati y'iraswa ry'umuririnvyi Christina Grimmie muri Orlando nyene, n'ico gitero kindi ca kare.