Abashingamateka b'Ubudagi batewe ubwoba kubera jenoside

Ahavuye isanamu, Reuters
Imyiyerekano yo kwiyamiriza Cem Ozdemir n'abandi yabereye Ankara
Abashingamateka b'Ubudagi batewe ubwoba, bari mu bashigikiye itegeko ryemeje ko ubwicanyi bwakorewe aba Armenia mu 1915, n'ubutegetsi bwa Turkiya, ari ihonyabwoko.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubudagi bwari bwagabishije abashingamateka bafise amamuko ya Turkiya kudafata ingendo zo muri Turkiya kubera Ubudagi budafise ububasha bwo kubakingira umutekano.
Ingingo y'inama nshingamateka y'Ubudagi ntiyakiriwe neza na Turkiya, igihugu cahakanye ko ubwicanyi bw'abanya Armenia ari ihonyabwoko.