Abashikiriranganji 2 bafashwe bagirizwa kugaba indege

Manuel Lopez Ambrosio yafatiwe mu muji wa Guatemala Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwari umushikiranganji w'ubutungane Manuel Lopez Ambrosio ajajnywe mu ngoro y'intahe inyuma yo gufatirwa mu muji wa Guatemala

Abahoze ari abashikiranganji 2 muri leta ya Guatemala batawe muti yompi mw'itohoza rikomeye rikorwa n'umurwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abo bantu babiri, Manuel Lopez Ambrosio na Mauricio Lopez Bonilla, baregwa ko bakoresheje amafaranga ya leta mu kugura indege ya kajugujugu yahawe uwari umukuru w'igihugu nk'impano ya Perezida Otto Perez Molina.

Yahavuye atabw amuri yompi amaze gutanga imihoho mu kwezi kw'icenda , hejuru y'ukwiyamirizwa n'abarwanya ibiturire.

Bwana Perez Molina arahakana ivyo aregwa vyose.

Muri leta yiwe, Lopez Ambrosio yari umushikiranganji wo kwivuna abansi, nayo Lopez Bonilla yari ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Bagirizwa ivyaha bitandukanye birimwo gushira ku makonte amafaranga atazwi inkomoko, n'ubugambanyi.

Leta yasenyuwe mwaka kubera ikibazo ca ruswa cagiyemwo abatozakori.

Icegera c'umukuru w'igihugu Roxana Baldetti vyabaye ngombw ako atanga imihoho mu kwezi kwa gatanu inyuma y' ahoico kibazo kimenyekaniye, kigatuma abanyagihugu ba Guatemala baja mw'ibarabara kubera agashavu..

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mme Baldetti na Mr Perez Molina (iburyo) muri sentare mu ntango z'uku kwezi
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano y'abanyagihugu yari ishigikiwe n'abarwizatunga n'abanyamadini

Icegera c'umukuru w'igihugu Baldetti yagirizwa ko ariwe yari kw'isonga mw' itunganywa ry'uburyo bwo kurya ibiturire, ariko arabihakana

Iryo bara ryo kurya ibiturire ryahawe akazina ka " La Linea", canke " La Ligne" kturutse kumurongo wa terefone abarwizatunga bifashisha gusaba uburenganzira mukwinjiza ibidandanzwa ku giciro gito bumvikanye n'abatoz'amakori.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi yaciye itangura mu mwkaa uheze imara amazi n'amezi

Perez Molina yahavuye atanga imihoho kuwa 2 /09/2015, hasigaye amezi ane ngo arangize ikiringo ciwe.

Yaciye atabwa muri yompi bukeye.

Yaciye asubirirwa ku ntebe y'umukuru w'igihugu na Jimmy Morales, mukwezi kw'icumi, yatanguye abanga yiwe mu kwa mbere kw'uyu mwaka, aho yiyemeje kurwanya ruswa.

Ivyaha vya ruswa biriko bikorwa ko itohoza r'umurwi w'ishirahamwe mpuzamakungu wishiriweho kurwanya ukudahana muri Guatemala, CICIG.

Uwo murwi washizweho kuva mu 2006, kugirango ufashe Guatemala gutunganya gushasha igista c'ubutunagne no guhanga n'imirwi y'abagizi ba nabi yacengeye iyo leta.