IS ihanganye na leta ya Libya i Sirte

Sirte imaze umwaka yifatiwe na IS

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abarwanira leta bakomeza gutegura imitego uko binjira mu muji hagati

Umuvugizi wa leta ya Libya avuga ko umwe mu barwanyi bayo yishwe abandi benshi bagakomereka.

Hamaze iminsi intambara zikomeye mu mabarabara ya Sirtes, umuji uherutse gufatwa na IS mu mwaka uheze.

Leta muri kini gihe iriko igerageza gukurayo abarwanyi, bivurwa ko biyugaraniye mu gace ko hagati na hagati mu muji.

Abarwana ku ruhande rwa leta bavuga ko bakomeza gutegura imitego uko binjira indani mu muji.

Ubwoba bafise iki gihe ngo n'uko hashobora kuba hari ababateramiye barindiriye kubarasa.

Sirte niwo wari umuji w'amavuko ya Muammar Gadaffi.

Leta y'ubumwe imaze amezi abiri ishizweho ifis eicicaro i Tripoli.