Igisasu cakomerekeje bane i Shanghai

Zimwe mu ndege zava Shanghai zatevye kubera igisasu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umutekano Shanghai bazibiye ahaturikiye igisasu

Umuntu yateye igisasu kigakomeretsa abantu bane ku kibuga c'indege ca Shanghai mu Bushinwa yaciye afata inkota aca yikerera izosi we nyene.

Amaze kwikomeretsa ubu ari mu bitaro kandi amerewe nabi cane.

Icatumye agaba ico gitero, yatumbereje aho abantu basuzumirwa bagira bafate ingendo, ntikiramenyakana neza.

Indege zitari nke zabanje kurindirizwa, ariko iki gihe ikibuga ca Shanghai kirakora ukuri kwamye.