Igipolisi caburejemwo igitero c'abitwaje ibirwanisho

Uganda police

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umutekano muri Uganda baburijemwo igitero c'umugwi witwaje ibirwanisho mu gisagara ca Gulu

Abategetsi bakuru mu gipolisi ca Uganda bavuga ko batanye mu mitwe n'umugwi witwaje ibirwanisho wateye ikirindiro kiri mu gisagara ca Gulu.

Gulu ni igisagara kiri mu buraruko bwa Uganda.

Igipolisi kivuga ko ico gitero cari gitumbereye kurekuza umwe mubanyepolitike atavuga rumwe na reta apfunzwe, Dan OOLA oDIYA.

Bavuga ko ukurasana kwamaze iminota mirongo itatu.

Ukutumvikaa muri politike muri Uganda kwariyongereye, biturutse kuvyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka.

Mu ndwi iheze, igisirikare ca Uganda carahagaritse abasirikare 30 n'abanyagihigu batari bake, kivuga ko bari bafise umugambi wo gushinga umugwi witwaje ibirwanisho.