Mu Burundi abanyamwema bahimbaje umunsi wabagenewe

Abanyamwema

Mu Burundi ku ncuro ya mbere abanyamwema bahimbaje umunsi mpuzamakungu wabagenewe.

N'ubwo muri iyi myaka iheze badaherutse gutotwa n'ubwicanyi nkuko vyabaye haraheze imyaka irenga ine, abanywamema bavuga ko n'ubu bakiri umugwi ugeramiwe.

Ariko kuva ishirahamwe ryabo ritanguye gukora, bavuga ko bamaze kugira intambwe.

"Ni umunyamwema, umuntu nk'abandi sindi igihume ndi n'agateka nk'umunyamwema". Amajambo nkayo niyo yari yanditse ku vyapa abitavye uwo munsi mpuzakungu w'abanyamwema bari bamanitse mu nzu bari bahuriyemo i Bujumbura.

Babyandika gutyo kuko bazi ivyo bamwe bamwe muribo baciyemwo canke nk'ubu bagicamwo mu gihe hakiri abatababona nk'abantu nk'abandi.

Uyu munsi wahariwe abanyamwema wabaye rero akajyo ko gushikiriza ibibazo bitandukanye bahura navyo. Hari nk'uwabajije niba nta muti wagarukana ico urukoba rw'iwe rwabuze akivuka.

Anicet Bangirinama, icegera c'umukuru w'ishirahamwe ry'abanyamwema mu Burundi yamushubije ko iyo umunyamwema amaze kuvuka nta kindi kintu bashobora kumukorera kugirango urukoba rwiwe ruhinduke.

Ati:" Ntihazagire ubabesha ngo afise umuti wahindura urukoba."

Ku bwa Anicet Bangirinama, abanyamwema mu Burundi ubu bashobora kuba baharurwa mu barenga 1200 mu gihugu hose.

Mu gihe mu myaka ya 2008-2009 havuzwe cane ihigwa n'iyicwa ry'abanyamwema, mu ntara zo mu buseruko bw'igihugu n'abantu baja kugurisha ibice vy'imibiri yabo muri Tanzania, Anicet Bangirinama avuga ko haheze imyaka itari mike habonetse agahengwe ariko nubu ngo ntibokwijajara.

Abanyamwema bavuga ko ubu ibibazo vyabo bitangiye kuvugwa bigashika kure ariko ngo bibaza yuko baronse ubaserukira mu nzego z'igihugu vyo kumvikana gusumba, gutyo agateka kabo kagatera imbere kurusha.