Abafana b'Uburusiya benshi bahagaritswe mu Bufaransa

clash between Russian fans and England ones

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Igitigiri kinini c'abafana b'abarusiya bahagaritswe mu Bufaransa bagirizwa gushaka gutera akajagari

Bivugwa ko abategetsi b'igihugu c'Ubufaransa bahagaritse igitigiri kinini c'abakunzi b'umupira w'amaguru b'abarusiya, bemeza ko bashaka gutera umutekano mu gihe hariko haraba ihiganwa rya Euro 2016.

Bari mu bandi 29 bashikiye mw'ihoteli yegereye igisagara ca Marseille, ahabereye imishamirano hagati y'abakunzi b'umupira w'amaguru b'abarusiya n'abongereza mu mpera z'indwi iheze.

Hari inkuru ivuga ko abo bakunzi b'umupira w'amaguru bari bafise umugambi wo kuja mu gisagara ca Lille kiri mu buraruko bw'Ubufaransa, aho Uburusiya buza gutana mu mitwe na Slovakia ku musi wa gatatu.