Uburusiya bushobora kwirukanwa muri Euro 2016

euro 2016 logo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Uburusiya bushobora kwirukanwa mw'ihiganwa rya Euro 2016 igihe abafana babo botera akandi kajagari

Uburusiya bushobora kwirukanwa mw'ihiganwa rya Euro 2016 kubera akajagari abakunzi b'uwo mugwi bateye ku musi wa gatandatu aho bahura n'Ubwongereza mu gisagara ca Marseille.

Abategetsi b'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, bavuze kandi ko baciye amande angana n'ama euro 150.000 ico gihugu.

UEFA yavuze ko iyo ngingo yo kwirukanwa izoshirwa mu bikorwa igihe hokwaduka akajagari mu nkino zindi ico gihugu gisigaje gukina.

Imigwi y'abakunzi b'umugwi w'Uburusiya iriko iravanwa mu Bufaransa inyuma y'akajagari kadutse ku musi wa gatandatu.

Uburusiya kandi bwaronse ibihano kubera amacakubiri yaranze abakunzi bawo, no kurasa ibintu biturika hejuru mu gihe hariko haraba inkino.