Ubushinwa ntibushaka umubonano wa Dalai Lama na Obama

Dalai Lama and Barack Obama

Ahavuye isanamu, WHITE HOUSE

Insiguro y'isanamu,

Ubushinwa buridogera umubonano wa Dalai Lama na Obama

Ubushinwa bwarungitse ubutumwa bwo kwiyama Amerika mu gihe hategekanijwe umubonano hagati ya Prezida Obama na Dalai Lama.

Prezida Obama araza kugiriranira umubonano n'umutegetsi w'idini wo mu karere ka Tibet mu biro vyiwe vya Maison blanche.

Umuvugizi w'umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire, Lu Kang, yavuze ko uwo mubonano ushobora guha ubutumwa butari bwo abashaka ko akarere ka Tibet kiyonkora ku Bushinwa.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyanse ko hagira ikinyamakuru na kimwe gikurikirana ibivugirwa muri uwo mu bonani, mu twigoro two kubungabunga ubucuti bafitaniye na Amerika.