Barcelone izoriha amande ya miliyoni 5,5 Euro

Neymar

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Barecelone yemeye kuriha amande ya miliyoni 5.5 z'ama euro

Umugwi wa Barcelone wemeye kuriha amande ya miliyoni 5,5 z'ama euro kubera amakosa yabaye mukuriha ikori igihe bagura umukinyi Neymar mu mwaka wa 2013.

Abashikirizamanza ba Espagne bari bagirije uwo mugwi kunyegeza amahera nyayo uwo mukinyi yaguzwe.

Barcelone yatangaje ko yarishe ama euro imiliyoni 57, mu gihe imiliyoni 17 za euro zizohabwa umugwi wiwe wa Santos, hanyuma ayasigaye ahabwa abavyeyi ba Neymar.

Ariko kompanyi imwe yo muri Brezil yari ifise 40% vy'umutahe kuri Neyma ivuga ko itigeze ironka amahera akwiye, mu gihe abagira amatohoza bo bavuga ko amahera nyakuri Barcelone yarishe ari imiliyoni 83 z'ama euro.

Uwo mugwi uheruka gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne washitse ku masezerano yo kurangiza ayo matati y'amakori mu kwemera kuriha amande.