Sabole, Miss Africa 2015, mu bavutse batumva

Tlhokomelo Elena Sabole

Ahavuye isanamu, Mbatha

Insiguro y'isanamu,

Tlhokomelo Elena Sabole, Umwigeme mwiza atumva muri Afrika 2015, Lesotho

Tlhokomelo Elena Sabole, Miss Africa 2015, mu bavutse batumva ava mu gihugu ca Lesotho

"Mu mwaka uheze naronse urugori rw'umwigeme mwiza atumva muri Afrika 2015. Gutsinda vyari bihimbaye. Sinari bwigere nezerwa nk'uko, kuko yari indoto yanje yari igiye mu ngiro. Ndabishimira Imana. Igihe naja muri APTERS babona ko bigoye kumenya umwana agendana ubumuga mu mibano. Abantu ntibashaka ko bimenyekana ko batunze umwana agendana ubumuga muhira iwabo. Nari nzi umukobwa umwe mw'ishenegro, nca ndarondera nyina wiwe. Yambwiye ko mu bisanzwe asiga umwana wiwe muhira aryamye imbere yo kuja kw'isoko. Mu kumufasha kwicara yambwiye: "naciye ikinogo imbere y'inzu, hanyuma ndamwicarikamwo". Ku gira ahaguruke ashobora kuzobohera uwo mwana ku giti . Nibaza ko ari ibikorwa vy'ubunyamaswa.

Ndashaka kuba akarorero k'abandi bakobwa batumva, no kubahimiriza kwutumva bidasigura kutagira ico dushoboye gukora, abumva bashoboye.

Gukura nk'umwana atumva muri Lesotho ntivyoroshe ariko ndashimira abavyeyi banje banyemeye uko meze kandi bakankunda. Rimwe na rimwe abantu ntibatubona neza canke tukiyumva ko tutabaho mu maso yabo. Ariko turaba mu buzima bwacu mu gacerere. Ikintu kidukomereye ni ukumenya inkuru: Ibiganiro bica kuri television n'ivyo abantu bumva gusa, kandi natwe turakeneye inkuru kugira dutere imbere nk'ibiremwamuntu bizi ubwenge. Nipfuza ko hokoreshwa ibimenyetso kugira natwe tuvyungukiremwo. Mu gihe ibimenyetso vy'abatumva vyoshirwa muvyigwa mu mashure, twogize abagenzi mu bumva, hanyuma tukaza turanavugana n'abandi.

Nk'uwabaye umukobwa mwiza mu batumva mu mwaka 2015, narahawe imfashanyo yo kumara ukwezi I California, bampa aho ndara n'ico mfungura, twebwe twirihira amatike y'indege. Naragendeye ishure y'abatumva ndanegeranya n'imfashanyo, hanyuma ndanaryoherwa no kuba muri muri Amerika. Ariko vyaragoranye cane ku wateguye ihiganwa rya Miss Deaf Africa 2015, Miss Nokuthula Mbata, kwegeranya amahera y'amatike yacu n'uwudusigurira ibivugwa.

Hagati aho, ariko arahiga imfashanyo yo kundungika mw'ishure ryisumbuye, birashoboka ko hoba ari muri Afrika y'epfo.Ndashaka kwiga icigwa cerekeye ubwiza. Indoto yanje n'iyo gukora ivyanje, nk'akarorero nk'inzu yo kwisokorezamwo aho nshobora gusangira ubumenyi bwanje n'abandi bigeme batumva. Iki giteramo, n'indwi yahariwe ubwiza bw'abatumva, birahambaye kuri twebwe. Twipfuza ko vyoshigikirwa. Mu misi iza bizotera imbere habe umusore n'umukobwa beza batumva muri Afrika, bizoba biteye igomwe.