Aba Oromo 400 bariciwe mu myiyerekano muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi bemera ko abantu barenga170 ari bo bapfiriye mu myiyerekano.
Abajejwe umutekano muri Ethiopia barishe abantu barenga 400 mu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu HRW.
Mu cegeranyo cerekeye imyiyerekano yagizwe n'aba Oromo, HRW ifise urutonde rw'amazina arenga 300, bavuga ko bishwe.
Reta iremera ko hari abari mu myiyerekano bapfuye ariko ikavuga ko HRW "irenza urugero mu biharuro."
Abari mu myiyerekano bafise ubwoba ko umugambi wo kwagurira igisagara mu karere ka Oromia, ushobora gutuma aborozi b'aba Oromo bimugwa.
Oromia ni akarere ka nini ko mu gihugu ca Ethiopia, kazungurutse igisagara ca Addis Abebas.
Guheba uwo mugambi ntiwatumye imyiyerekano ihagarara, ariko yaragabanutse mu bukana.
Amatohoza yakozwe agasohoka mu ndwi iheze n'akanama ka Ethiopia kajejwe agateka ka zina muntu, kari kashizweho n'inama nshingamateka, yasanze abantu 173 ari bo bapfiriye muri iyo myiyerekano.
Oromia ni akarere kanini kazungurutse igisagara ca Addis Abeba
Ako kanama kavuze ko muri bo harimwo abajejwe umutekano 28 hamwe n'abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi.
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Getachew Reda yavuze ko muri rusangi abajejwe umutekano bavyifashemwo neza cane.
Reta ivuga ko izokora amatohoza yongere ihane abo icaha cagiriye.
Ariko hari abanebagura ingene abatunzwe agatoke mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu matohoza aheruka batigeze bakurikiranwa.