Afrika y'epfo iribuka imyiyerekano yo kwanka amacakubiri

Afrika y'epfo iribuka imyaka 40 iheze hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza intwaro karyanishamiryango ya Afrika y'epfo
Igihugu ca Afrika y'epfo kiribuka imyaka 40 ihaciye habaye imyiyerekano y'abaneyshure b'i Soweto, aho biyamiriza amacakubiri y'urukoba mu mashure, bategetkwa kwiga mu rurimi rw'iki Afrikaan.
Abantu amajana n'amajana baraguye muri iyo midurumbanyo aho reta y'abazungu yakoresha inguvu zirenze urugero, mu kuburizamwo iyo myiyerekano.
Iyo myiyerekano yabaye nk'intango yo gushaka kuranduranwa n'imizi intwaro y'abazungu muri Afrika y'epfo.
Icegera c'umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yashize urugori rw'amashurwe ku ntatemwa y'umusore Hector Pietersen.
Ifoto ya Hector Pietersen ateruwe n'umunyeshure mugenzi we amaze kuraswa n'igipolisi
Hari ifoto y'ikiziga c'uwo musore atwawe mu minwe n'umunyeshure mugenzi we amaze kuraswa n'igipolisi.
Iyo foto yarateye agashavu cane, bituma n'amakungu anebagura ubwo bubisha bwariko burakorwa n'intwaro y'abazungu muri ico gihugu.