Umusi mpuzamakungu wahariwe umwana wahimbaje mu Burundi

Abana bo mw'ibarabara bitavye ihiganwa ryo kwinonora imitsi i Rio de Janeio
Abana bo mw'ibarabara mu Burundi bahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe umwana mu kakira bagenzi babo baherutse mu nkino i Rio de Janeiro.
Mu kigo ca New generation rimwe mu mashirahamwe yitaho abana bo mw'ibarabara, abana barenga ijana bariko barahimbaza uwo munsi mu tuvyino mu udukino no mu gusangira ivyo kurya.
Bavugana na batoyi babo, abitavye ihiganwa ryo kwinonora imitsi ry'i Rio, bababwiye ko n'aho batahukanye imidari, ihiganwa atari ryo ryari rihambaye, ahubwo ari amategeko agiye kuzokingira abana bo mw'ibarabara kugira baronswe ivyo abandi bana bose bafitiye uburenganiza uhereye ku mpapuro zibaranga.
Uewo mwana wo mwibarabara avuga ko igihambaye atari imidari, ahubwo ari amategeko abagenga agiye kuboneka
Iryo tegeko ubu riri mu nzira yo kwemezwa na ONU hanyuma rije mu bihugu bigize iryo shirahamwe.
Muri New generation bamaze kubona ko benshi mu bana bo mw'ibarabara ari abahungu bari hagati y'imyaka itatu na 17.
Uretse ababa mw'ibarabara nyezina, hari abaza gusega hanyuma bagataha iwabo.
Igitigiri c'abana baba mw'Ibarabara mu Burundi ntikiramenyekana
Mu Burundi igitigiri c'abana bari mw'ibarabara nti kizwi kuko ata matahoza akorwa buri mwaka. Ayaheruka nayo nyene yabaye mu bisagara bitatu gusa vya Bujumbura, Ngozi na Gitega yerekanye ko vyari bifise abana barenga ibihumbi bitatu ariko aho haheze imyaka itandatu.