Hoba hari imiti igarukana ubusugi?

Congo women
Insiguro y'isanamu,

Bamwe mu Bapfasoni bo muri Congo barakoresha imiti igarukana ubusugi

Mu gihugu ca RDC hari umuti ugarukana ubusugi usigaye uhurumbirwa n'abantu benshi.

Gutakaza ubusugi birazwi ko bishoboka, ariko ntawari azi ko ushobora kubusubirana.

Ivyo ni ibintu bisanzwe ariko muri Congo kwumva ko umuntu yasubiranye ubusugi bwiwe.

Hari n'abapfasoni bemeza ko bamaze gukoresha iyo miti, kandi ko mu gihe c'imibonano mpuzabitsina bababara cane nk'abagifise ubusugi.

Kenshi ngo ikoresha abigeme baba badashaka ko abakunzi babo bamenya ko barenze ibigo.

Iyo miti yo kugarukana ubusugi, ishobora kugira ingaruka ku magara y'abapfasoni ngo kuko bashobora kwandura ingwara.

Ni icaha gikomeye muri repubublika iharanira intwaro rusangi ya Congo gugurisha imiti itemewe n'amategeko, harimwo n'uwu muti ugarukana ubusugi.

Ariko reta ya koko ivuga ko itazi neza ko uwo muti uri muyibujijwe.

Abakoresha imiti y'ikirundi bo, amategeko ya kongo arabarekurira gukoresha mwene iyo miti.