Kwibuka imyiyerekano ya Soweto
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

"Igipolisi caraturashe, mugenzi wanje yiciwe aha"

Kw'itariki ya 16 ukwezi kwa Gatandatu mu 1976, ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyeshure bo muri Afrika y'epfo bihereza amabarabara y'i Soweto biyamiriza intwaro karyanishamiryango y'abazungu.

Abantu amajana n'amajana barishwe n'igipolisi, bikaba vyarahindushe vyinshi mu mibano na politike y'ico gihugu.

Umumenyeshamakuru wa BBC Chris Parkinson yarasubiye muri ayo mabarabara vyabereyemwo ari kumwe n'umwe mu barokotse ico gihe.