Umusirikare wa Uganda yarashe abantu 7 i Kampala

Umusirikare mw'idefire Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Muri iyi myaka iheze, vyari bimaze gushika aho abasirikare ba Uganda biyadukiza kurasa abantu ikivunga

Umusirikare wa Uganda yishe abantu indwi, harimwo abana batatu, aho yadutse kurasa mu bantu ikivunga mw'ikambi iri ku murwa mukuru Kampala.

Uwo musirikare, Sgt Isaac Obua, yahavuye nawe araswa.

Umukuru w'urwego rw'igipolisi rwoo mu gisirikare, Major Edward Birungi yavuze ko Sergent Obua yoba yari yatase n'umugore wiwe.

Biburwa ko yari yanyoye, mu nyuma atangura kurasa igihe yariko arondera umugore wiwe, we akaba yashoboye kwihisha.

Uretse abana batatu bafashwe, Sgt Obua yishe umusirikare w'umugore, n'abandi bagore batatu b'abasirikare.

Abandi babiri bivugw ako bakomerekeye muri uko kuraswa kwabereye mw'ikambi ya Makindye mu bumanuko bwa Kampala.

Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda Lt Col Paddy Ankunda yavuze bose bangandariye abo bantu bishwe na Obua.

Umunyamakuru wa BBC, Patience Atuhaire ari i Kampala avuga ko hamaze kuba kenshi ibinti nk'ivyo muri Uganda, aho umusirikare yaduka kurasa mu bantu.

Mu kwezi guheze, abantu batatu barishwe abandi batandatu barakomereka, mu kirabo, barashwe n'umusirikare.

No mu 2014, umusurikare yarishe abantu 10, abarasiye mu kirabo nyene.