Tanzania yahagaritse ikoreshwa rya telefone 630,000

woman calling
Insiguro y'isanamu,

Telefone ngendanwa zidakurikije amategeko 630,000 zahagaritswe mu gihugu ca Tanzania

Telefone ngendanwa 630,000 zidakurikije amategeko zahagaritswe gukoreshwa mu gihugu ca Tanzania, nk'uko bimenyeshwa n'urwego rujejwe itumatumanako.

Ingingo ya reta yo guhagarika ayo matelefone adakurikije amategeko yatanguye gukurikizwa isaha zitandatu z'ijoro, bituma abazifise bagira ingorane zo guhamagarana.

Igihugu ca Tanzania kije gikurikira Cameroon, Afrika y'epfo na Nigeria mu twigoro two guteza imbere ingingo zerekeye umutekano n'amagara y'abantu mu kubuza izo telefone gukora.

Ibice 3% vya telefone ngendanwa ziri muri Tanzania ntizikurikije amategeko, nk'uko ibiharuro bivyerekana.

Ico gihugu gifise telefone ngendanwa imiliyoni 33 ku bantu bashika imiliyoni 49 baba muri ico gihugu.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko izigera ku muliyoni n'ibihumbi amajana abiri vyitezwe ko zihagarikwa.