Tanzaniya yazibiye terefone za magendu

Terefone zirenga miriyoni nizo zitezwe gucibwa muri Tanzania
Mu gupfunga terefone ngendanwa za magendu, Tanzaniya ihambije Kameruni, Afrika y'epfo na Nigeriya, mu nzira yo gukingira umutekano no kurinda amagara y'abanyagihugu bayo.
Ikigo kijejwe kugenzura ikoreshwa ry'ubuhinga bwo gutumatumanako, kimenyesha ko izo terefone za magendu zari zigize nk'ica gatatu c'igitigiri cose ca terefone ngendanwa zikoreshwa muri Tanzaniya.
Ivyo biharuro ariko ngo biri hasi cane ugereranije n'ivyakekwa, abategetsi bagakeka ko abantu bamaze kumva iyo ngingo yo guca terefone za magendu boba baciye bihutira gufata terefone nshasha.
Umugambwe utavugarumwe n'ubutegetsi Civic United Front -CUF, wo uvuga ko iyo ngingo ihana umunyagihugu muto muto ataco azira, kubera kudashobora gutangira izo terefone za magendu ngo ntizigere kw'isoko ryaho.
Ariko rero ikigo kijejwe gucungera itumatumanako kimenyesha ko iyo ngingo ahubwo yaje gukingira abakoresha izo terefone ngendanwa.
Ico kigo congerako ko izo terefone ngendanwa za magendu zitagira igiharuro kiziranga bita 'International Mobile Equipment Identity' -IMEI, ico giharuro ngo kikaba ari nkenerwa cane mu kumenya no gukwirkira aho izo terefone ziherereye.
Terefone za magendu zo zitagira ico giharuro IMEI, ngo zashobora gutuma inkozi z'ikibi zizikoresha zidashobora kumenyekana no gukurikiranwa.
Abanyagihugu ba Tanzaniya bakoresha miroyoni 33 za terefone ngendanwa, ku gitigiri c'abanyagihugu bagera kuri miroyoni 49 bose hamwe.