Ibi bintu vyoba arivyo abantu baguye mu ndege ya MH370?

Ahavuye isanamu, BLAINE GIBSON
Ibi bitu vyoba ari ivyo ababuriye abantu mu ndege ya MH370?
Ishirahamwe ry'ababuriye abantu mu ndege ya MH370 berekanye ibintu vyemezwa ko ari ivy'abantu bari muri iyo ndege yaburiwe irengero iri mu kirere ca Malaysia.
Ivyo bintu vyatowe mu gihugu ca Madagascar.

Ivyo bintu vyatowe mu micungararo ya Madagascar
Ivyo bintu birimwo akantu ko gutwaramwo impapuro, isakoshi y'abapfasoni hamwe nagasaho ko kubikamwo Ordinateur... vyose bikaba vyatowe n'umuntu yamuka muri Amerika, ari mu mugwi ugira amatohoza y'aho iyo ndege yaguye.
Ubu ababuriye abantu muri iyo ndege basabwa kuraba ivyo bintu ko atawobimenya no kuraba amafoto yaboentse, kugira bemeze ko ari ivyo imiryango yabo.

Iyo ndege yariko irava i Kuala Lumpur ija Beijing mu Bushinwa, yaburiwe irengero irimwo abantu 210 mu mwaka wa 2014.
Iyo ndege yariko irava i Kuala Lumpur ija Beijing mu Bushinwa, yaburiwe irengero irimwo abantu 210 mu mwaka wa 2014.