Agaciro ka Naira kamanutse musi y'idolali

Naira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Nigeria yafashe ingingo yo kugabanura agaciro k'ifaranga ico gihugu gikoresha

Igihugu ca Nigeria cemeye ko ifaranga ry'aco rija musi y'idolali mu ngingo yogutuma kitabura amahera y'agaciro.

Kubera iyo ngingo, agaciro k'ifaranga rya Naira kamanutse ubwo nyene ku bice 23 kw'ijana.

Umwanya muto inyuma yo gutangura kudandaza ku musi wa mbere, agaciro ka Naira kari 255 kw'idolali rimwe rya Amerika.

Agaciro ka Naira kahora ku 197 kw'idolali rimwe.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko igabanuka ry'agaciro k'amavuta, ari vyo vyatumye naira igabanuke.

Agaciro ka Naira ku masoko akorera mu kinyegero ni 350 kw'idolali imwe ya Amerika.