Ibinyamakuru vyo muri DRC vyahagaritse akazi

Computor

Ahavuye isanamu, FEDERICO SCOPPA

Insiguro y'isanamu,

Igiciro ca internet muri congo cadugijwe ibice 500 kw'ijana

Ibinyamakuru bitari bike muri Republika iharanira demokrasi ya Congo vyahagaritse akazi mu kwiyamiriza iduzwa ry'igiciro ca internet ikoreshwa mw'itelefone ngendanwa.

Telefone ngendanwa ni zo zikoreshwa n'abantu benshi hakoreshejwe ubuhinga bwa internet muri ico gihugu.

Amwe mu mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru hakoreshejwe telefone yongereje igiciro gushika ku bice birenga 500 kw'ijana mu kwezi guheze.

Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru muri ico gihugu, ryavuze ko iyo ngingo ari ukurenga ku mategeko arekurira buri muntu wese kuronka inkuru.