Umwe mu bafasha ba Donald Trump yirukanywe

Ahavuye isanamu, AP
Uwari ajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Trump yatanze imihoho
Uwari arongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza vy'uwushobora guserukira abarepublicains mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump, yatanze imihoho.
Uwushinzwe igikorwa co kumenyesha amakuru muri iyo myiyamamazo yavuze ko Corey Lewandowski "ashobora kutabandanya n'imyiyamamazo" kandi ko bamushimiye cane " ku kazi gakomeye yakoze n'ukwitanga".
Icoba gitumye Lewandowski aheba akazi ntikiramenyekana.
Ikinyamakuru ca New York Times cavuze ko abashinzwe imyiyamamazo bariko baritunganya ukundi mu kwitegurira imyiyamamazo y'amatora y'umukuru w'igihugu.
Agiye mu gihe Trump, umugwizatunga w'i New York, ahanganye n'abayoboke bakomeye b'umugambwe wiwe kubera imvugo yiwe hamwe n'imigambi ikomeye yo kugwanya abimukira.
Trump yaranebaguwe cane kubera ivyo yavuze inyuma y'iterwa ry'inzu yo kwidagaduriramwo ya Orlando, ahasize ubuzima abantu 49.
Abarepublicains kandi batanguye kwitandukanya na we kubera amajambo yavuze ku mucamanza yamuka muri Amerika y'epfo ariko arakurikirana ibirego bamurega.