Donald Trump yahatswe kwicwa

Michael Sandford
Umugabo umwe wo mu Bwongereza yagirizwa kwiba inkoho umupolisi igihe Donald Trump yariko ariyamamaza, yavuse ko yashaka kumurasa.
Inkuru zitangwa na senatre , Michael Sandford avuga ko yagiye n'imodoka gushika i Las Vegas afise umugambi wo kurasa Trump ku musi wa gatandatu.
Donald Trump aherutse kwirukana mu mabanga yiwe Corey Lewandowski yari ajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza.
Icegera ca prezida wa Amerika Joe Biden yaranebaguye Trump avuga ko amajambo ashikiriza ari mabi.