Abasoda ba Yordania biciwe ku rubibe rwa Syria

Jordan soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Yordania yararungitse abasirikare bo gucungera ikambi y'impunzi y'abanye Syria iri i Rukban

Abasirikare 6 ba Yordania bishwe abandi 14 barakomerekera mu gitero ca bombe hagufi y'ikambi y'impunzi ku rubibe ico gihugu gihana na Syria, nk'uko abategetsi babivuga.

Ico gitero cabaye isaha 05:30 (02:30 GMT) mu karere ka Rukban, nko kumetero ijana uvuye mw'ikambi.

Igisirikare ca Yordania kivuga ko iyindi miduga myinshi y'abansi yasambuwe.

Impunzi zirenga 50,000 ni zo ziba i Rukban, zirindiriye kwijira muri ico gihugu.

Yordania iheruka kwemera kwakira hagati y'impunzi 50 na 100 gusa buri musi, kubera impamvu z'umutekano.

Benshi muri bo boba baje bahunga uturere twigaruriwe n'umugwi wa Islamic State mu ntara ya Homs hamwe na Raqqa, aho ingabo za prezida Bashar al-Assad ziherutse kwigarurira zifashijwe n'ibitero vy'indege vy'Uburusiya.