Amazinga y'ikiyaga gitukura ntagihawe Arabie Saoudite

Tiran Island

Ahavuye isanamu, HADY MESSADDY

Insiguro y'isanamu,

Tiran ni ryo zinga rinini muri ayo abiri Misri ishaka guha igihugu ca Arabie Saoudite

Umucamanza wo mu gihugu ca Misri yaburijemwo ingingo ya reta y'ico gihugu yo gusubiza amazinga yo mu kiyaga gitukura igihugu va Arabie Saoudite.

Prezida wa Misri yari yamenyesheje isubizwa ry'amazinga ya Tiran na Sanafir mu kwezi kwa kane, mu mubonano bari bagiriraniye n'umwami wa Arabie Saoudite, Salman.

Abantu barenga 150 barapfunzwe bazira imyiyerekano bagize biyamiriza iyo ngingo, ariko bamwe mu nyuma bagizwe abere, abandi ibihano vyabo biragabanuka muri sentare y'iyungururizo.

Iyi ngingo ya sentare yo ku wa kabiri si ntabanduka, ishobora guhinduka muri sentare nkuru.

Tiran na Sanafir ni amazinga atawuyabamwo, ari ku nkengera y'ikigobe ca Aqabq, ikibanza gifise akamaro gahambaye mu kiyaga gitukura bihana urubibe na Israel, Yordania, Misri na Arabie Saoudite.

Ingingo ya prezida Sisi mu kwezi kwa kane yo gutanga ayo mazinga yatumye haba imidurumbanyo no kwiyamirizwa.

Umwami Salman yari yamenyesheje amamiriyaridi n'amamiriyaridi y'amadolali azohabwa igihugu ca Misri nk'imfashanyo, bikaba vyatumye Sisi yagirizwa "kugurisha" ayo mazinga.