Yitwariwe azira gutuka prezida Magufuli kuri WhatsApp

President John Pombe Magufuli
Image caption Ni umuntu agira kabiri ashikanywe imbere y'ubutungane azira gutuka umukuru w'igihugu.

Umuntu umwe wo mu gihugu ca Tanzania ariko arakurikiranwa n'ubutungane azira ivyo yanditse kuri WhatsApp ko prezida Pombe Magufuli ari umupumbafu.

Mulokozi Kyaruzi akurikiranwa no kurenga itegeko rigenga ubugizi bwa nabi bwo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ni umuntu agira kabiri ashikanywe imbere y'ubutungane azira gutuka umukuru w'igihugu.

Iryo tegeko ryaranebaguwe cane ko ribuza abantu kuvuga ico biyumvira igihe ryemezwa mu mwaka uheze.

Uku ni ko yanditse: "None prezida Magufuli nta bahanuzi agira? Canke n'ikijuju? Ni ikijuju cane; ntaraba amategeko ahari imbere yo kuvuga canke afise ingwara nk'iya Mnyika?

Iryo zina rya mNyika ni iryo umushingamateka wo muri Tanzania azwi cane mu kuvuga amajambo menshi.