Abantu 80 bakubiswe n'inkuba mu Buhinde

Ahavuye isanamu, BS PRASANNAN
Abantu 80 bakubiswe n'inkuba mu Buhinde
Abategetsi b'igihugu c'Ubuhinde bavuga ko abantu 80 bitavye imana bakubiswe n'inkuba mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko.
Abantu 53 ni bo bapfuye mu ntara ya Bihar.
Abandi 10 n'abo mu ntara yo mu buseruko ya Jharkhand mu gihe abandi 16 bapfuye ari abo mu karere ka Madhya Pradesh.
Benshi bapfuye bariko barakora akazi mu mirima yabo muri iki gihe c'imvura.
Ni abantu benshi cane bapfiriye rimwe, ibintu vyatangaje abantu benshi.
Mu myaka irenga mirongo ibiri iheze, abantu barenga ibihumbi bibiri barapfuye bakubiswe n'inkuba mu gihugu cose c'Ubuhinde.
Biragoye cane kumenya ryari inkuba ishobora gusubira gukubita, bikaba bitoroshe ku bategetsi kugabisha abanyagihugu.