Al-shabab yiyitiriye urupfu rw'umupolisi mukuru

al-shabab
Insiguro y'isanamu,

Abagwanyi ba Al-Shabab bemeye ko ari bo bishe umwe mu bategetsi bakuru bajejwe umutekano

Abagwanyi ba al-Shabab mu gihugu ca Somalia bavuga ko ari bo bateguye iyicwa ry'umutegetsi mukuru muvyo umutekano yishwe ari kumwe n'uwumucungerera ubuzima, nkuko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Abdiweli Ibrahim Mohammed, yari arongoye inzego zijejwe umutekano mu ntara yo hagati mu gihugu ya Shebelle mu gihugu ca Somalia, yarashwe ejo mu gisagara ca Jowhar, ku birometero 90 mu buraruko bw'umugwa mukuru Mogadishu.

"Uwamwishe yaciye yiruka, turacamurondera", ni ko Ahmed Mohamud yavuze, yongerako ko abari bamucungerereye umutekano bakomerekeye muri uko kurasana.