Ibrahimovic agiye gusezera mu mugwi nserukiragihugu

Ahavuye isanamu, AP
Zlatan Ibrahimovic azosezera mu mugwi nserukiragihugu inkino za Euro 2016 zirangiye
Umukinyi rurangiranwa wa Suede, Zlatan Ibrahimovic yamenyesheje ko azosezera mu mugwi nserukiragihugu inyuma n'ihiganwa rya Euro 2016.
Igihugu ciwe kiza gutana mu mitwe n'Ububiligi mu rukino rwa nyuma rw'umugwi E ku musi wa gatatu, bikaba bishoboka ko ruba urukino rwiwe rwa nyuma mu mugwi nserukiragihugu.
Yavuze: "Ndishimira ico nashoboye gushikako kandi buri gihe nzokwamana ibendera rya Suede".
Umugwi wa Manchester United waravuzwe cane ko uriko urarondera uwo mukinyi w'imyaka 34 ubu ata mugwi n'umwe bafitaniye amasezerano inyuma yo kuva muri PSG yo mu Bufaransa.