Abahunze Boko Haram 200 bamaze guhitanwa n'inzara

Ahavuye isanamu, AFP
Impunzi 200 bahunze Boko Haram baramaze gupfa bazira inzara
Abantu 200 bahunze uturere twigaruriwe n'umuhari Boko Haram muri Nigeria, baramaze kwitaba Imana bazira kubura ibifungurwa n'amazi
Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe MSF, rivuga ko abo bantu bapfuye mu kwezi guheze, mw'ikambi imwe y'abateshejwe izabo iri hagati mu gihugu, mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
MSF ivuga ko ibura ry'ibifungurwa n'amazi bigeramiye ubuzima bw'impunzi nyinshi zahungiye hagati mu gihugu mw'ikambi ya Bama.
Iyo kambi irimwo impunzi ibihumbi 20 ubu.
Onu ivuga ko ubugizi bwa nabi bwagizwe n'abagwanyi ba Boko Haram mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria bwatumye abantu imiliyoni 2 bata izabo.
MSF ivuga ko umwana umwe kuri batanu baba muri iyo kambi bafise ingwara yo kurya nabi.