Vardy azobandanya akinira Leicester City

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukinyi w'imbere wa Leicester City, Jamie Vardy azoguma muri uwo mugwi
Umukinyi w'imbere wa Leicester City, Jamie Vardy yemeye gushira umukono ku masezerano mashasha n'abategetsi b'uwo mugwi.
Umugwi wa Leicester uvuga ko uwo mukinyi w'imyaka 29, ibitsindo vyiwe vyafashije uwo mugwigutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza mw'ihiganwa riheruka, yongeye gushira umukono ku masezerano y'imyaka ine.
"Izo mpande zose ko ari zibiri ziteze ko iryo tangazi riza guhagarika ivyavugwa mu misi iheze kuri kazoza kiwe", nk'uko iryo tangazo ribivuga.
Vardy vyari vyitezwe ko agurwa n'umugwi wa Arsenal ku mapawundi imiliyoni 20 imbere y'uko hatangura inkino za Euro 2016, mu gihe yari kuza arahembwa amapawundi 120,000 buri ndwi.
Leicester na yo yiyemeje kuza iramuriha amapawundi 100,000 buri ndwi.