Amatora ya kamarampaka mu Bwongereza

ballots
Insiguro y'isanamu,

Amatora ya kamarampaka mu Bwongereza yo kuguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya

Abantu bo hirya no hino mu gihugu baraja mu matora ya kamarampaka yo kwemeza kuguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Urupapuro rw'amatora rwanditse ikibazo:"Ubwongereza bwoguma muri EU canke bwovamwo?"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abantu barenga imiliyoni 40 ni bo bashobora kwitaba ayo matora

Abantu barenga imiliyoni 46 ni bo bashobora gutora, igitigiri kinini kitari bwigere ciyandikisha mu Bwongereza.

Iharurwa ry'amajwi rica ritangura ubwo nyene bagiheza gutora (21:00 GMT).

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abitaba amatora babazwa ikibazo c'uko bashaka kuguma muri EU canke kuvayo

Ubwongereza bwaheruka mu matora ya kamarampaka yo kwinjira muco ico gihe citwa akanama k'ubutunzi bwa Buraya mu myaka irenga mirongo ine iheze.

Imvura nyinshi yaguye mu gisagara ca Londres no mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubwongereza mw'ijoro yateye umwuzure.

Bamwe mu bategetsi bitavye ayo matora.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji wa mbere David Cameron yatoreye mu gisagara ca Londres ari kumwe n'umupfasoni wiwe Samantha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umukuru w'umugambwe wa Labour Jeremy Corbyn yatoreye i Islington

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umushikianganji wa mbere wa Scotland Nicola Sturgeon yatoreye i Glasgow

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji w'ubutungane Michael Gove n'umugore wiwe Sarah Vine ku kazu k'amatora i Kensington

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu,

Umukuru wa UKIP Nigel Farage ku kazu k'amatora kari iruhande ya Biggin Hill, Kent