Abasirikare ba Uganda bagiye kuva muri Somalia

ugdanda Soldier

Ahavuye isanamu, AF

Insiguro y'isanamu,

Uganga igiye gukura abasirikare bayo mu gihugu ca Somalia bitarenze 2017

Igihugu ca Uganda cafashe ingingo yo gukura abasirikare baco mu gihugu ca Somalia bitarenze ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2017.

Uganda yatanze igitigiri kinini c'abasoda muri Amisom bagiye gutuza umuhari wa Al-Shabab.

Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare muri Uganda, Gen Katumba Wamala, yabwiye BBC ko iyo ngingo yafashwe kubera agashavu kadutse hagati y'igisirikare ca Somalia hamwe n'amakungu afasha muri ico gikorwa.

Yavuze ko hari hageze ko igisirikare ca Somalia gifata mu minwe ikibazo c'umutekano waco, ariko si ko biboneka.

Abasirikare ba Uganda bashitse i KM50 Ala-Yasir, itariki 13 z'ukwezi kw'icenda mu 20012, baza barakurakuranwa.

Amerika, Ubwongereza ma Turkia biri mu bihugu biha imyimenyerezo igisirikare n'igipolisi vya Somalia.

Ariko reta ya Uganda ivuga ko batariko barakora neza igikorwa cabo, ivyo bigatera ingorane nyinshi.

Benshi baribaza ico abasirikare ba UA muri Somalia bamaze gushikako kuko vyabataye kuwamazi kugarukana umutekano mu bindi bice kure y'igisagara.

Baranacapfujwe n'ibivugwa ko barya ibiturire.

Gen Wamala yavuze ko Uganda ishobora gukurayo abasirikare bayo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2017 mu gihe hoboneka ikindi gihugu kibasubirira.