Uburaya bwumiwe kuba Ubwongereza buvuye muri EU

Donald Tusk

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, Donald Tusk yavuze ko ibihugu bisigaye 27 bigiye kubandanya bifatanye mu nda.

Kubera amatora ya kamarampaka yatumye Ubwongereza buva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, ibihugu bigize iryo shirahamwe berekanye akababaro bafise.

Abanyepolitike bakomeye i Buraya no mutundi turere tw'isi baguye mu gahundwe kubera iyo ngingo y'Ubwongereza.

Umukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, Donald Tusk yavuze ko ibihugu bisigaye 27 bigiye kubandanya bifatanye mu nda.

Yavuze kandi ko ibihugu 6 vya rutura biri muri iryo shirahamwe bizokorana ku musi wa gatandatu kugira biganire kuri kazoza k'iryo shirahamwe, ubu rigeramiwe n'ugushaka kurivamwo kw'ibindi bihugu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Marie Le Pen ashaka amatora ya kamarampaka nk'ayabaye mu Bwongereza

Abashingamateka batavuga rumwe na reta bo mu Bufaransa, Pays Bas na Danmark baragabisha ko bashobora gusaba amatora ya kamarampaka nk'ayabaye mu Bwongereza.

Umukuru w'inama nshingamateka ya EU, Martin Schulz, yabwiye television yo mu Budagi ko yubaha ivyo abongereza biyemereje, ariko ko afise amabanga yo kubungabunga ishirahamwe rya EU hamwe n'ifaranga rya Euro.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubudagi Frank-Walter Steinmeier, yavuze ko ari akababaro ntangere ku Bwongereza hamwe n'umugabane wa Buraya.

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu,

Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Sigmar Gabriel, yandutse kuri twitter

Na yo icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Sigmar Gabriel, yandutse kuri twitter "damn"..... mu gihe agaciro k'ifaranga ry'Ubwongereza kamanutse cane, incuro ya mbere mu myaka 30.

Abadandaza bagize agashavu cane kubera ivyavuye muri ayo matora ya kamarampaka mu Bwongereza.