Papa asaba kutibagira ubwicanyi bw'Abanyarmaniya

Ahavuye isanamu, EPA
Papa Francis yavuze ko ubwicanyi bw'Abanyarmaniya ari jenoside, ikintu Turkiya yiyamiriza
Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yavuze ko isi itagomba kwibagira ubwicanyi bw'Abanyarmeniya bwakozwe n'abasirikare ba Turkiya ku ntwaro ya Ottoman.
Papa yashize amashurwe ku cibutso c'abahitanywe n'ubwo bwicanyi i Tzitzernakaberd muri Armenia.
Mu gitabo candikamwo abahagendeye, yavuze ko kwibuka ari isoko y'amahoro kandi ko bidakwiye kurenzwako uruho rw'amazi.
Kare Papa Francis yasubiye kuvuga ko ubwicanyi bw'Abanyarmeniya, haciye imyaka ijana, ari jenoside, ikintu Turkiya yiyamiriza.