Haravugwa kibazo c'inzara mu burasirazuba bw'u Rwanda

Bamwe mu baturage bo mu burasirazuba bw'u Rwanda bemeza ko bageramiwe n'inzara
Ikiganiro Imvo n'Imvano ca BBC gahuzamiryango cakubitiye mu karere k'uburasirazuba bw'u Rwanda ahavugwa ikibazo c'inzara kimaze gutuma abanyagihugu bamwe bomoka.
Ico kibazo kirakomeye cane mu bice bimwe vy'iyo ntara, ku buryo abanyagihugu bavuganye na BBC bavuga ko atawukirya kabiri ku munsi, ngo na rimwe bishobora abagabo.
Mu murenge wa Rwinkwavu aho BBC yashoboye kugera, abaturage bose bavuga kimwe.
Bemeza ko uruzuba ruri mu vyatumye inzara ibatera, ariko bakagaruka cane ku kibazo c'imyonga (ibishanga) bavuga ko bambuwe n'abajejwe intwaro.
Ngo iyo myonga niyo bikorako mu kurima ibigori, ibijumbu hamwe n'ibindi biribwa iyo uruzuba rwaba ndanse.
Ngo ariko umugambi wo kurima umuceri, watumye babuzwa kurima muri ivyo bishanga, amazi yavyo yose arahakurwa.
Iyo nzara ngo imaze gutuma ingo nyinshi zomokera muri Uganda na Tanzania, nk'uko abo baturage babibwiye BBC, hakaba ariko hari n'abaja mu zindi ntara z'u Rwanda aho bikigendeka.
Abo banyagihugu bavuga ko icobakurako iyo nzara ari kubasubiza ibishanga hamwe n'amazi.
Ubutegetsi buremera ikibazo
Abajejwe intwaro baremeza ko ico kibazo c'inzara kiriho mu mirenge imwe imwe y'akarere ka Kayonza, ngo ariko muri rusangi ibintu si bibi.
Ngo imiryango ifise ico kibazo ishika ku bihumbi bine, ngo kandi bariko barayironderera imfashanyo.
Ku kibazo c'ibishanga abaturage bavuga ko bambuwe, leta ivuga ko yabikoze kugira ibatunganirize neza, bashobore gushikanirwa amazi mu mirima yabo.
Ngo kandi kimaze gutunganywa neza, abari bafise imirima muri ivyo bishanga barasubiyeyo.