Bisi mu Bushinwa yahitanye abantu bashika mirongo itatu

Bisi yahiye mu ntara ya Giuangzhou mu Bushinwa mu kwezi kw'indwi 2015

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Amavuta bisi yasheshe niyo vyibazwa ko yakije umucanwa

Abantu bashika mirongo itatu mu gihugu c'Ubushinwa bahitanywe na bisi nyuma y'aho igiriye impanuka igaca yaka umuriro.

Iyo mpanuka yabereye mu ntara ya Hunan igihe iyo modoka yari itwaye abantu mirongo itatu, yagonga ivyuma bikingiye ibarabara.

Vyibazwa ko amavuya yasheshe ariyo yatumye umucanwa uca waka.

Igipolisi caciye gifata umushoferi w'iyo bisi.