Hakomeje imirwano muri Sudani y'epfo kuva kuwa gatanu

Ahavuye isanamu, AFP
Imirwano irabandanya muri Sudani y'epfo naho hashizweko leta y'ubumwe
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, avuga ko atewe impungenge n'imirwano ibandanya muri Sudani y'epfo.
Habaye imirwano mu micungararo n'imbere mu muji wa Wau hagati y'igisirikare ca leta hamwe n'imigwi yitwaje ibirwanisho.
Amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko ibihumbi vy'abanyagihugu bahunze, hakaba kandi hari amakuru y'ubusahuzi hamwe n'abanyagihugu bahasiga ubuzima.
Uruhagarara ni rwose mu gihugu naho hashinzwe leta y'ubumwe igamije guheraheza intambara yo hagati mu gihugu, yatanguye mu kwa cumi na kabiri 2013.