UK: Ipawundi ribandanya guta agaciro

Graphic
Insiguro y'isanamu,

Uko ipawundi rigurwa ugereranije n'idolali inyuma y'amatora ya kamarampaka mu Bwongereza

Ipawundi ryamanutse cane ugereranije n'idolali mu myaka irenga mirongo itatu.

Ukutabona iyo ibintu bija, no kudohora ku bintu bimwe bimwe kw'ibanki y'Ubwongereza bishobora gutuma ipawundi rimanuka gushika muri ya $1.20.

" N'aho biri uko, ibi bishobora kuba bitabaye bibi cane uravye uko vayri vyifashe muri iyi myaka mike iheze. Ipawundi ryari rimaze guta agaciro riva ku giciro kiri hejuru c'aidolali $1.70 hagati mu mwaka 2014 gushika musi y'idolali 1.40 ,i kwezi kwa kabiri uyu mwaka".

Bisa n'uko "hakiri kare guca umuntu avuga ko ukwifata nabi kw'amasoko bishobora kwadukira ubutunzi bw'isi".

Insiguro y'isanamu,

Igiciro c'inzahabu caduze cane inyuma y'amatora ya kamarampaka mu Bwongereza

Igiciro c'inzahabu caduze cane

Caduze ku bice birenga 1% gushika kw'idolali 1.335.30, ariko cagumye hasi y'aho cashitse inyuma y'imyaka ibiri kuri uyu wa hatanu.

"Ukutamenya aho ibiganiro vyo kuva muri EU bizobera bisigura ko, abashoramari bataguma barikanuyegusa mu kugura ibintu nk'inzahabu n'amadolali, ariko kandi ko baguma bahanze ijisho ipawundi bigatuma ubutunzi bubandanya kumanuka," nk'uko bivugwa n'umuhinga mu mutekano w'amasoko wo muri ETF , Martin Arnold.